Rundi – Ikiburamutima c’umugabo (The heartless man)

Told By: BIGIRIMANA Pierre Claver (Runda pri school)

Collected by: Tevel-Burundi 

    Habaye umugabo ahitana mugenziwe baja gutembera; bageze mu kibira barasonza, muri uyo mwanya niho babona igiti kinini kandi kirekire kiriko ivyamwa bihiye. Biyumvira ukwo bokwurira ico giti, bigira inama ko we aja kwurira ku rutugu rwa mugenzi we ivyamwa bakabigabura bose, ko uwo mugabo ariye icambere aha mugenzi we yasigaye hasi ikigira kabiri… Gutyo, gutyo.

    Ntibitevye, wa mugabo aruriye ku giti, atangura kwamura ivyamwa arafungura, ntiyibuka mugenzi we yasigaye hasi kandi basezeranye, ari nawe yamufashije kugerayo. Wa mugabo yasigara hasi amubaza ati: “Woba wibuka ivyo twasezeranye?” Wa mugabo iyo ari ku guti arishura ati : “Iyo ndiko ndarya sinumva ivyo abantu bambaza.”

Wa mugenziwe yasigaye hasi arashavura, afatisha umuriro ashirako ibiti binuka cane be n’ibisheshe vy’amase, wa mugabo iyo ari ku giti atangura gukorora aramubaza ati: “Uriko ugira ibiki iyo hasi? Sinshobora guhema !” Wa mugenziwe iyo yasigaye hasi yongerako ibiti vyinshi n’ibisheshe vy’amase aramwishura ati: “Iyo ndiko mfatisha umuriro sinumva ivyo abantu bambaza.” Wa mugabo afatwa n’iseseme, arazungurirwa atangura kuyogwa gushika n’aho akoroka.

This entry was posted in Rundi and tagged , , , , . Bookmark the permalink.

Comments are closed.