Rundi – Urucira mukaso rugatwara nyoko (The three brothers)

 Told by  NYANDWI Melanie  (Gishiha pri school)   Collected by Tevel-Burundi 

     

Habaye abavukana batatu bakaba impfuvyi, basigaranye se.

Umunsi umwe, se arabakoranya ababwira ati : “Bane banje, narabayeho neza ariko ejo canke hirya y’ejo nzokwitaba Imana. Mugabo, imbere y’ukwo mpfa, nipfuza kubabwira ikintu nyamukuru mu buzima : Nk’abavukana, musabwa kuguma mufatanye mu nda, mufashanye mu bibagora vyose.”

Inyuma y’ukwo se wabo yitavye Imana, abo bavukanyi babandanya kubana bakorera itongo bose hamwe, mugabo imvura iratara: imirima yabo iruma. Baja inama yo kuja kurondera ico bafungura. Mu nzira batora amahera.

Babiri muri bo bari barushe bati : “Turarushe kandi turashonje, reka turuhukire ngaha mugihe mwene mama aja kugura imfungurwa.”

Mwene nyina agiye kugura infungurwa, bamwe babiri bategura kumwica kugira bagabure bonyene amahera asigara.

Muri uyo mwanya bo ntibamenya ko mwene nyina na we ariko ategura kubica ngo ayatware wenyene : agura ifungurwa, azishiramwo ubumara.

Avuye kugura imfungurwa, bamwe babiri baramugandagura bati: “Ubu rero ko tumwishe, reka tuyagabure igice ku kindi hama twicare turye, tunywe.”

Bamwe babiri, barya za mfungurwa zirimwo ubumara, barapfa.boy3 boy2

boy

This entry was posted in Rundi and tagged , , , , . Bookmark the permalink.

Comments are closed.