Rundi – Agahanga kavuga (The talking head)

Told by: MINANI Gaspard (Gishiha Pri school)       Collected by: Tevel-Burundi 

head-1299130_640

Umugabo umwe yariko aratembera, ntibitevye abona agahanga iruhande y’inzira arakabaza ati: “Ni nde canke ni iki cakwishe?” Ka gahanga karishura kati: “Nta nakimwe muri ivyo vyompi, nishwe n’urw’abagabo ariko weho uzokwicwa n’akarimi kawe.

Wamugabo arabandanya, ashitse aho yaba abwira abo ahasanze ivy’ako gahanga nab o bati: “Ntitubitahura, agahanga kovuga gate? Kuva ubu, fata akayira uje kukatwereka ataraho turakwica!” Wa mugabo arabemeza ati: “ Ndavyemeye. Ndabajana. Nimutakibonera n’amaso yanyu-muranyica.”

Bahashitse, wa mugabo aragerageza kuvugisha ka gahanga ariko ntikakurako umunwa. Aragerageza incuro nyinshi, karinumira na we ati: “ Gahanga, aba bantu nabasezeraniye kubereka agahanga kavuga, ataraho naho baranyica!”

Ba bantu ntibamwishe ariko baramukubise bamusiga ari intere barigira kuko yabeshe. Abantu bamaze kugenda, ka gahanga karamutwenga kati: “Nari nakubwiye ko bitagukundira kugumya akarimi kawe.”

This entry was posted in Rundi and tagged , , , , . Bookmark the permalink.

Comments are closed.