Rundi – Inyabu n’Imbeba ( The dog and the cat )

Written by: NYANDWI Sylvere (Runda Pri school)    Collected by: Tevel-Burundi 

Umunsi umwe inyabu n’imbeba vyaratumiwe mu rubanza gw’ubugeni.

Nk’abagenzi pfampfe biragerageza guhanurana ukwo bizakwifata mu rubanza.

Akayabu kati: “Ndazi ko ukunda inyama cane, uze kugerageza ntusahuranwe kuko hazakuba hari abantu benshi.” Imbwa isubizayo iti: “Nawe ni ukwo, ndazi igihe cose ubonye ifi ko no kuguruka woguruka kurya kw’inyoni, uze nawe kwigumya aho bazizanira. Hama vyompi biti: “Reka tugende turabe.”

Bishitse baravyakira, bavyereka ivyicaro, batangura kuzana imfungurwa.

Kwisahani hariko inyama, imbwa biyanka mu nda ntiyarindira ngo ishikirwe, isimbira kuwariko aratanga imfungurwa ikurako inyama zose. Abatumire bose bahagurukira icarimwe birukana ya mbwa na ka kayabu.

Kuva uyo munsi na magingo n’ubu ibwa n’akayabu birirahanurana bikumvira.

dog and cat

This entry was posted in Rundi and tagged , , , . Bookmark the permalink.

Comments are closed.