Kirundi -Kwitonda bitera guteba kuraka ! (Think twice act once)

Told By: CISHAHAYO Hilaire (Runda pri school)

Collected by: Tevel-Burundi 

Habaye umugabo n’umugore wiwe.

Umusi umwe, wa mugabo aja kwisoko gusuma inyama, agura ikiro kimwe azitahanira umugore kugira bazirarire. Umugore akiriko arateka, wa mugabo ava imuhira aja kuganira n’abagenzi. Mugihe za nyama zihiye, wa mugore ntiyiriwe ararindira ko umugabo agaruka: yaciye arya za nyama zose n’isupu aranywa wenyene.

Inyuma ya ho, wa mugabo amaze kugaruka i muhira, asaba umugore ico gufungura, wa mugore na we amufungurira ibijumbu. Umugabo abaza umugore ati: “Za nyama nasuma zirihe? Umugore amwishura ati: “Akayabu kaziriye zose.” Umugabo biramubabaza, adahanuje umutima arengera kuri kakayabu arakica.

This entry was posted in Rundi and tagged , , , , , . Bookmark the permalink.

Comments are closed.