Rundi – Umwana w’intabarirwa (The child who did not listen to his mother)

Told By: MINANI Doretha (Gishiha Pri school)   collected by: Tevel-Burundi 

Harabaye umwana w’umuhungu, umusi umwe ajana na nyina kuramutsa inakuru. Bashitse mu mayirabiri babona igiti kiriko ivyamwa bihiye wa muhungu abaza nyina ko yomurindira akaja kwamura ivyamwa. Nyina aramwishura ati: “Ndemeye, ariko wamure icamwa kimwe gusa kuko iki giti atari igisanzwe: ni ic’amareba.”

Wa mwana ntiyumvira nyina, yamura ibirenze kimwe, bimutera kwibagira ko ari kumwe na nyina kugeza aho nyina amusiga. Wa muhungu yururutse, yibuka nyina mugabo ntiyamenya inzira yaciyemwo, na we aca muyitariyo. Mugihe nyina yaciye mu nzira nziza, wa muhungu we yaciye mu yirimwo ibisizimwe.

Muri iyo nzira habaho ibisizimwe cumina bibiri. Igihe cose, kuva ku ca mbere gushika ku gisizimwe c’icumi na rimwe vyamubaza iyo avuye n’iyo ariko araja. Wa muhungu akishura mu karirimbo ati : “ Uyu muhungu ubona yari ajanye na nyina kuramutsa inakuru, abona igiti c’ivyamwa, akiriko aramura, nyina aragenda atamubariye. Niwamubona uramwihoza, umureke arengane. Biramureka, aragenda.”

%d7%9e%d7%a4%d7%9c%d7%a6%d7%aa1monster

Igisizimwe c’icumi na kabiri arico canyuma, kimusaba ko yogiheka kibone kumurekura; ariko cari kiremereye cane ku buryo atari kugishobora gica kiramurya.

This entry was posted in Rundi and tagged , , , , . Bookmark the permalink.

Comments are closed.