Rundi – Imbwa n’akayabu (The dog and the cat)

 Told by: NIMENYA Evariste   (Gishiha pri school)   Collected by: Tevel-Burundi 

Umurimyi umwe yari atunze imbwa n’akayabu.

dog1

Igikorwa c’imbwa kwari ukurarira urugo mukwirukana ibikoko vyo mwishamba n’abasuma. Akayabu nako kari gafise igikorwa co gukingira umwimbu nturibwe n’imbeba. Uyo murimyi yarakunda cane imbwa mbere akayiha infungurwa zikwiye nk’agashimwe, akayabu nako kakagaburirwa ibidafashe. Bukebuke imbwa iravyibuha cane akayabu nako karonda kandurukiraho gashavura gushika aho gafata ingingo yo kwihora.

cat2

Umunsi umwe, mugihe nyene urugo yari gutembera, ka kayabu gasaba imbwa ko vyoba biraganira, akayabu kati: “Birashoboka ko woba umerewe neza mu magara kundusha, ariko hari ico ubura: igihe cose urara mu mbeho jeho mba niryamiye mu gitanda ca nyenurugo. Ariko ubu nyene urugo siho ari, aka ni akanya keza kuri wewe ko kwumva ubwo buryohe nagucuze. Uburiri ngubwo iryohererwe!” Imbwa isimbira mu gitanda ca nyene urugo. Uburiri bwari bushashe neza gushika aho yambwa isinzira na nyene urugo ayisangaho. Nyenurugo abonye iyo mbwa yarashavuye cane kuko yamuhemukiye kugira iyo nyifato. Nyenurugo ntiyasubiriye kuyitaho, arayima n’imfungurwa nziza.

Kuva ico gihe nyene urugo yikundira akayabu, akagaburira neza. Akayabu karanezerwa gatangura no gutwenga imbwa.

This entry was posted in Rundi and tagged , , , , , . Bookmark the permalink.

Comments are closed.