Rundi – Umwete urakiza (Liveliness and Laziness)

Told by: NIYONZIMA Eraste (Runda pri school)

Collected by: Tevel-Burundi 

Habaye umugabo akitwa Mukundakurya akagira abagore babiri : Barumwete na Nderamaboko.

Umusi umwe Mukundakurya atemberera Barumwete; uyo musi inzu yari yuzuye akanyamuneza n’umunezero kuko hari vyose ivyo kunywa n’ivyo kurya bikwiye bose. Mukundakurya ahimbawe, mugushimira Barumwete yamuguriye impuzu z’agaciro. Umusi umwe Mukundakurya aja kuramutsa Nderamaboko ariko ntiyigera aharonka ikintu na kimwe caba ico kurya canke ico kunywa.

Inzu yari yuzuyemwo umubabaro, Mukundakurya arashavura cane mbere akubita Nderamaboko. Nderamaboko aratabaza ariko ababanyi bose baribazi ubunebwe bwiwe, ntibigeze baza kumutabara. Mukundakurya yariyuzuye umujinya kugera aho amwirukana.

This entry was posted in Rundi and tagged , , , , . Bookmark the permalink.

Comments are closed.