Told by NIYONKURU Fidèle (Kibira pri school) Collected by Tevel-Burundi
Habaye inkware n’igikere vyabana mw’ishamba mu mwumvikano ntangere. Harageze aho ya nkware ita amagi, inzoka zaguma ziza kurondera ayo magi ngo ziyarye ariko igikere carayakingira mu kwirukana inzoka. Ya nkware irateba iraberagura imiswi. Umusi umwe umuriro uratera mu karere ico gikere n’inkware vyabamwo. Ca gikere kibarira inkware ngo ikigurukane, inkware iyishura iti naho uri umugenzi uraremereye sonogushobora. Igikere giti fatanya n’abana bawe muntabare. Za nkware zifata igiti n’umunwa zimwe harya izindi hino naco kija hagati gifata ca giti n’umunwa za nkware zirakigurukana.
Abaje kuzimya batangazwa n’ubuhinga bw’ivyo bikoko. Ca gikere gica kiritanganiza kivuga
ko arico ca vyiyumviye cibagira ko gifatishije umunwa ca gitigi gica gikorokera muri wa muriro kirasha cishwe n’akarimi kaco.