Rundi – Imbwa ikaze (A nasty dog)

Told By: KWIZERA Espérance (Vugizo pri school)

Collected by: Tevel-Burundi 

     

dog1Umusi umwe KARIWABO nabo bavukana batatu babatumye kuvoma amazi ku mwonga. Bahegereje bahura n’ikibwa kibiruka inyuma ngo kibarye. Ibivomesho bata aho bariruka batabaza baruhukira mu ruzi binyegeza yo. Babona gukira kuko imbwa iratinya uruzi.

Muri ako kanya nyina wabo arahaseruka kuko yari yumvise batabaza asanga bahagaze mu ruzi imbwa nayo iruhande yarwo. Mukubatabara atora inkoni n’amabuye arayirukana. Kuva ico gihe KARIWABO n’abavukanyi biwe ntibasubiye kwijana kuvoma batajanye n’uwukuze. Abarundi barayamaze ngo “Iy’ubwoba irahweza”

This entry was posted in Rundi and tagged , , , , , . Bookmark the permalink.

Comments are closed.