Rundi – Ubucuti bw’ibikoko (Relationship between Animals)

 Written by: NDAYIRUKIYE Spès (Vugizo pri school)    Collected by: Tevel-Burundi 

    Kera ibikoko vyarabana mw’ishamba bigakundana bigasangira vyose. Ivyo bikoko vyari imbwa, imbwebwe, impene, intambwe n’ibindi. Umusi umwe ivyo bikoko vyaragize ubususuru vyipfuza umukomezwa niho vyiyumvira igikoko kinyaruka cobizanira umuriro ari imbwa. Nuko ya mbwa iriruka isanga abungere bacanye bota ica iguma iruhande yabo nayo iriyotera yibagira ica yicanye. Vya bikoko bigenzi vyayo vyagumye birindiriye ko ya mbwa izana umuriro nubu biracarindiriye. Nihohavuye umwibutsa w’ikirundi ngo: “Nta gutuma imbwa kurahura”.

This entry was posted in Rundi and tagged , , , , , . Bookmark the permalink.

Comments are closed.