Rundi – Umuswi w’Ikigaba ( The hen and her chicks)

Written by: NIYONKURU Beatrice (Runda Pri school)

Collected by: Tevel-Burundi 

Harabaye inkokazi ikagira imiswi umunani. Iyo nkokokazi yama igihe cose ibwira uduswi ko tutoja kure, ko twoguma hafi yayo.

poultry

Umusi umwe iyo nkokokazi ijana n’uduswi kurondera ico gufungura, iyindi miswi yose iguma hafi ya nyina ariko kamwe kaja kure. Bidatevye, ya nkokokazi ibona agaca mu kirere, ihamagara ya miswi ngo ize kwinyegeza musi y’ibuye’ iraza ariko wa wundi wari wagiye kure ntiwumva akamo ka nyina. Ka gaca kiruka kuri wa muswi uri wonyene ariko ntikawufata, uriruka winyegeza aho iyindi iri katawufashe. Kuva ubwo uwo muswi waratahuye akamaro k’impanuro z’umuvyeyi.

This entry was posted in Rundi and tagged , , , . Bookmark the permalink.

Comments are closed.