Rundi – Bahe biyake (The man with the bad intention)

Told by:By NSHIMIRIMANA Jonas (Kibira Pri school)  

Collected by: Tevel-Burundi 

Habaye umugabo yari ku rugendo ageze kumpinga y’umusozi ahasanga agasiga karagiye ubusho bw’inka. Ka gasiga kabonye uwo mugabo kamubaza gati: “Mbega wa mugabo uja he?” Nawe ati: “Nshengeye i bwami.” Ka gasiga kamubarira ngo kamugabire za nka zose.Wa mugabo aremera. Ka gasiga gati: “Mugabo jewe nzohora nza kwironderera ico ndya mu mase yizo nka.” Wa mugabo ati: “uraza ncuti nta ngorane.”Umugabo utanka aracura za nka zose. Umugore abibonye arumirwa. Bukeye ngako ka gasiga karaje karatore ico kirira mu mase kabikora igitondo n’umugoroba.

cows-24487_640

Wa mugabo atangura kwiyumvira ingene yo kwica ka gasiga. Umugore aramuhanura ati:”sigaho ntumanuze Imana” wa mugabo ntiyumvira impanuro z’umugore. Umusi umwe afata umuheto afoye kwica ka gasiga yica umwana wiwe mu kibanza ca ka gasiga, hama asubiye yica umugore. Erega ka gasiga kabonye amaze abiwe gahitana za nka zose karigurukira.Sije nohahera hohera uwo mugabo Imana yahaye akayimanuza.

This entry was posted in Rundi and tagged , , , , . Bookmark the permalink.

Comments are closed.