Rundi – Sarufyisi na Sarukwavu (The hyena and the hare)

Told By NITEREKA Triphine (Gishiha Pri school)     Collected by: Tevel-Burundi 

 

Cari igihe c’Inzara mu gihugu.

Umusi umwe, agakwavu ko mwishamba n’Imfyisi biraganira, Agakwavu gati : “Urazi uri umugenzi kuva kera  ubu naho turi mu nzara, none rero reka tuje kurondera ico dufungura.” Imfyisi iti : “Ibi haheze igihe ndavyihumvira.” Kagakwavu karasubira kati: “Wewe raba aho uba uratemrabbitbera, jewe mbaye iyi nka yawe, ngabure n’inyama mpejeje ndaguhamagara uhitemwo inzo utwara, nanje nzokuriha mu ruhande mu mwimbu wanje.” Imfyisi iremera, iragenda. Agakwavu kabaga nka, gafata imisoso kayishira mu nzira itsivye, amagufa n’amara kabishira mu nzira inoze hanyuma gahamagara imfyisi ngo ihitemwo inzira ijanakugira itore za nyama, imfyisi itora inzira inoze.

hyena

Itambwe yose agakwavu kagasemerera kabaza imfyisi kati: “Mugenzi watoye iki?”

Imfyisi ikishura iti: “Akagufa gatoya. Na we?” Agakwavu kakishura gati: “Umusoso. Bandanya!” Ikiganiro kiguma ukwo gushika aho biheza kurya,ariko bituma imfyisi ishavura cane gushika aho yigira inama yo kwihora.

Inda ndende ihumira indya ikica akokize.” Sije nohahera hohera Imfyisi yihuse mu gutora inzira.

Uwitonze amira ibinoze “.

This entry was posted in Rundi and tagged , , , , . Bookmark the permalink.

Comments are closed.