Told by: NDIHOKUBWAYO Esron (Runda pri school)
Collected by: Tevel-Burundi
Harabaye udukoko tubiri tugakundana cane, Ikimonyo n’umunzerere.
Ikimonyo cakora cane muci kugira kiziganye ivyo kizofungura mu gihe c’imvura, muri ico gihe nyene umunzerere waguma uririmba utiyumvira ku bishobora gushika muri kazoza. Mu gihe cimvura, ikimonyo cafunguye ivyo caziganije muci, umunzerere nawo ugumana inzara.
Umusi umwe rero niho umunzerere wegera ikimonyo ukagisaba ko vyosangira
izo mfungurwa. Ikimonyo kirishura kiti: “Jewe namaze ici ryose nziganya, we wariko ukora iki?” Ikimonyo kirarahira ko kitazokwigera gisangira infungurwa n’uwo munzerere kiwubwira kiti: “Ufise igikorwa co kuririmba ubonako arico kigufitiye akamaro, bandanya kizogutunga.”
Wa munzerere wicwa n’inzara ukwo.