Rundi – Ubwanwa n’umutima (The mustache and the heart)

Told By: NIYONSABA Spès (Vugizo Pri school)

Collected by: Tevel-Burundi 

      Umusi umwe ubwanwa n’umutima vyarahariye bipfa ubugabo. Niho vyatana mu mitwe, umutima

uca utungwa n’amaguru, ubwanwa buja inyuma biriruka biriruka cane. Umutima ugira ufatwe uca

ugira imana usanga umugabo yayuye uca umwinyegezamwo. Muri ako kanya ubwanwa burashika

busange wamugabo ahejeje kwugara umunwa buca bushikira kumunwa. Nubu ubwanwa

buracarindiriye koumutima usohoka. Nico gituma umutima uri munda, ubwanwa nabwo ku munwa.

Baca umagani mukirundi bati: “Uwugusize intambwe aba agusize”

This entry was posted in Rundi and tagged , , , , , . Bookmark the permalink.

Comments are closed.