Told By: NIYONSABA Spès (Vugizo Pri school)
Collected by: Tevel-Burundi
Umusi umwe ubwanwa n’umutima vyarahariye bipfa ubugabo. Niho vyatana mu mitwe, umutima
uca utungwa n’amaguru, ubwanwa buja inyuma biriruka biriruka cane. Umutima ugira ufatwe uca
ugira imana usanga umugabo yayuye uca umwinyegezamwo. Muri ako kanya ubwanwa burashika
busange wamugabo ahejeje kwugara umunwa buca bushikira kumunwa. Nubu ubwanwa
buracarindiriye koumutima usohoka. Nico gituma umutima uri munda, ubwanwa nabwo ku munwa.
Baca umagani mukirundi bati: “Uwugusize intambwe aba agusize”